Yohana 9:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)7 aramubarira, ati Genda wiyuhagire mu kidengeri Silowamu; (Silowamu risobanurwa ngo Mutumwa). Nukw aragenda ariyuhagira, agaruka abona. Gade chapit laBibiliya mu Kirundi coroshe7 Aramubwira ati: “Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu” (Silowamu bisigura “Uwatumwe”). Wa muntu aragenda ariyuhagira, agaruka abona. Gade chapit la |
Irembo rija kw iriba risanwa na Shalumu mwene Koli‐hoze, umukuru aganza intāra y’i Misipa, araryubaka ararisakara, ariterakw inzugi zaryo, n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo, yubaka n’uruzitiro rwo ku kidengeri Shela co ku ndimiro y’umwami, kurinda ashitsa ahagenda hadondagirwa hamanuka hava ku gisagara ca Dawidi.