Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 9:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Yesu arabishura, at’ Uyu ntiyakoze icaha, kandi s’abavyeyi biwe, ariko n’ukugira ngw ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Yesu arabishura ati: “Ntivyavuye ku vyaha vyiwe canke ku vy’abavyeyi biwe, ariko ibi vyabaye kugira ngo ubushobozi bw’Imana bwiyerekanire muri we.

Gade chapit la Kopi




Yohana 9:3
16 Referans Kwoze  

Yesu avyumvise aravuga, at’ Iyo ndwara s’iyo kumwica, ariko n’iyo gushimagirisha Imana, kugira ngo n’Umwana w’Imana imushimagirishe.


Yesu aramubgira, ati Sinakubgiye nti Ni wizera urabona ubgiza bg’Imana?


Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.


Nuk’ Uhoraho amaze kubgira Yobu ayo majambo, Uhoraho abarira Elifazi w’i Temani, at’ Uburake bganje burakuziriringiye, mwe na bagenzi bawe bompi: kuko mutamvuzekw ibiroranye, nk’uk’ umusavyi wanje Yobu yagize.


Na bo bongeye kubahahiriza, barabarekura, babuze uko bobahana kubg’ abantu, kuko bose bāhimbaza Imana ku vyābaye.


Abo badebaguzi babonye ico gikōko cenena ku kuboko kwiwe, baravugana, bat’ Uyu muntu ntabuze kuba umwicanyi; kandi naho yakize ikiyaga, Īdaca urwa nkunzi ntimukundiye kw abaho.


Erega ndazi ivyiyumviro vyanyu, N’imigabo mibi mungīra.


Kand’ uburake bgiwe buziriringira na ba bakunzi batatu ba Yobu, kuko batāronse ico bamwishura, yamara bakamuhinyura.


Iki ni co caseruye urukundo rw’Imana muri twebge, n’ukw Imana yarungitse Umwana wayo w’ikinege mw isi, kugira ngo duheshwe ubugingo na we.


Natwe twamenye kandi twizeye urukundo Imana idufitiye. Imana n’urukundo; kand’ ūguma mu rukundo aguma mu Mana, Imana ikaguma muri we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite