13 Umwe yahora ar’impumyi bamujana ku Bafarisayo.
13 Nuko bajana wa muntu yahoze ari impunyi imbere y’Abafarisayo,
Yamara no mu bakuru, benshi baramwizeye; ariko kubg’ Abafarisayo ntibāvyatura, kugira ngo boye gucibga mw isinagogi,
Kand’ abaherezi bakuru n’Abafarisayo bāri bashinze ng’ uwomenya ah’ ari aharange, ngo bamufate.
Arikw Abafarisayo bavugana muri bo, bati Murabona kw ata co mumaze: rāba isi yose yamukondoreye inyuma.
Baramubaza, bat’ Ari hehe? Ati Sindahazi.
Kand’ uwo musi war’ isabato, Yesu yavurunzek’ utwondo, agahumūra amaso yiwe.