Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 9:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Nuko baramubaza, bati Mbega non’ amaso yawe yahumūtse ate?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Baramubaza bati: “None vyagenze gute ngo amaso yawe ahumuke?”

Gade chapit la Kopi




Yohana 9:10
11 Referans Kwoze  

Arik’ umuntu yobaza, at’ Abapfuye bazurwa bate, kandi baza bafise umubiri ki?


Baramubaza, bati Yakugiriye ate? Yahumūye amaso yawe ate?


arikw icatumye abona ubu, ntitukizi, kandi n’uwamuhumūye, tweho ntitumuzi. Mumwibarize, n’umugabo, arivugira.


Abafarisayo basubira kumubaza ingene yahumūtse, na we arababgira, ati Yansīze utwondo ku maso, ndiyuhagira, ndahumūka.


Nikodemo aramubaza, at’ Ivyo bishoboka bite?


bgije agasinzira, bugaca akavyuka, imbuto zikamera, zigakura, atazi ingene zakuze.


Nk’uk’ utazi inzira y’umuyaga iy’ ari yo, kandi nk’uk’ utazi ingen’ amagufa akurira mu nda y’ūtwaye inda, uko ni k’utazi igikorwa c’ Imana Rugira vyose.


Babaza Baruki, bati Tubarire, mbeg’ ayo majambo yose wayanditse ute? Wayakūye mu kanwa kiwe?


Hanyuma y’ivyo Yesu avayo, yīgira hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya citwa Tiberiya.


Abandi bati Ni we; abandi bat’ Oya, n’uwo basa. Na we arababgira, ati Ni jewe.


Na we arabishura, ati Wa muntu yitwa Yesu yavurunze utwondo, atunsīga ku maso, arambgira, ati Ja kuri Silowamu wiyuhagire; nuko ndagenda, ndiyuhagira, ndahumūka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite