Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Na bo bavyumvise basohoka isorōsoro, uhereye k’ūkuze ugashitsa ku muto, Yesu asigara wenyene, bo na wa mugore yar’ ahagaze hagati.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Bavyumvise, baca batangura gusohoka umwe umwe uhereye ku bakuze, kugeza aho Yesu asigarana na wa mugore ahagaze imbere yiwe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:9
22 Referans Kwoze  

kuko berekana igikorwa kibgirijwe n’ivyagezwe canditswe mu mitima yabo, ijwi ryo mu mitima yabo ribgiririkanya na co, ar’ icabona cavyo, kand’ ivyo biyumvira bifatanya kubarega canke kubaregura.


kuko kenshi na kenshi uzi mu mutima wawe nawe nyene ko watutse abandi.


mu vy’ imitima yacu idutsindisha vyose, kukw Imana iruta imitima yacu, kand’ izi vyose.


Wewe ubabuza gusambana, weho ntusambana? Wewe wanka ibishushanyo vy’ibigirwamana, weho ntiwiba ivyo mu nsengero zavyo?


Yesu yunamutse aramubaza, ati Yewe mugore, bamwe bakureze bari hehe? Nta n’umwe aguciriye urubanza?


Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.


Akivuga ivyo, abamurwanya bose baramāramāra, ishengero ryose rinezererwa ivyiza vy’agahebuza yakora vyose.


Abarwanizi b’ubugingo bganje bicwe n’isoni baranduke; Abarondera ingene bongirira nabi bambikwe ibitutsi n’ agakēngērwe.


Ivyo urabikora, nanje ngahora, Ukiyumvira yuko mpwanye nawe rwose: Ariko nzoguhana, mbishire imbere y’amaso yawe, uko bikurikirana.


Abashaka kunyica ngo banzimirize Bicwe n’isoni batētērwe: Abanezerezwa n’uko ngiriwe nabi Basubizwe inyuma bakēngērwe.


Ijuru rizoshira ibigabitanyo vyiwe ahabona, Kand’ isi izomukūrira hasi.


Ukwihaya kw’abanyakibi kumara igihe gito, No kunezerwa kw’abatubaha Imana ar’ ukw’ akanya isase?


Nyina abarira Eliya, ati Twapfuye iki ga muntu w’Imana? Waje i wanje kwibukiriza ivyaha vyanje, no kunyicishiriza umwana?


Umwami atakw abarira Shimeyi, at’ Urazi mu mutima wawe ibibi vyose wakoreye data Dawidi, ni co gituma ivyo bibi vyawe Uhoraho agira abigusubize ku mutwe.


Mu gaturuturu asubira mu rusengero, abantu bose baza ah’ ari, aricara arabigisha.


Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’Abafarisayo bamuzanira umugore, afashwe asambana, bamushira hagati,


Asubira kwunama yandika hasi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite