Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Maze bakobeje kumubaza, arunamuka, arababgira, at’ Ūtagira icaha muri mwebge n’abe ari we abanza kumutera ibuye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ba bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo babandanije bamubaza, aca urunamuka arababwira ati: “Umuntu atagira icaha muri mwebwe nabe ari we aba uwa mbere mu kumutera ibuye.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:7
18 Referans Kwoze  

Imvugo zanyu zamane ubuntu bg’Imana, zirunzwe umunyu, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese.


Nuko rero ni wihane: n’utihana nzoza kuri wewe vuba, kand’ abo nzobarwanya, mbakubite inkota yo mu kanwa kanje.


Mu kanwa kiwe havamw’ inkota ikarishe, kugira ngw ayikubite amahanga: azoyaragiza inkoni y’icuma. Kand’ aganishiriza ibirenge mu bgato vino y’uburake bg’inkazi bg’Imana ishobora vyose.


kandi mu kuboko kwiwe kw’i buryo yar’ afise inyenyeri ndwi, mu kanwa kiwe hāvamw’ inkota ikarishe, mu nyonga hiwe hari hameze nk’izuba iyo ryatse umutari.


Abagendanyi barabishura, bat’ Erega ntihigeze kuboneka umuntu avuga nka we.


Mbeg’ ijambo ryanje si nk’umuriro? ni jewe Uhoraho mbibajije; canke si nk’inyundo imenagura igitandara?


Har’ ūvuga ibisunitswe n’ impwemu bimeze nk’ugucumita kw’inkota, Arik’ ururimi rw’abanyabgenge ruravūra.


Asubira kwunama yandika hasi.


Yesu yunamutse aramubaza, ati Yewe mugore, bamwe bakureze bari hehe? Nta n’umwe aguciriye urubanza?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite