Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Arikw ivyo bābivuga ar’ ukumugeza, ngo bamukūrek’ urwitwazo rwo kumurega. Ariko Yesu arunama, yandikisha urutoke hasi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Babajije Yesu ico kibazo kugira ngo bamutege umutego, maze baronke aho bahera mu kumwagiriza. Ariko Yesu arunama atangura kwandikisha urutoke hasi.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:6
27 Referans Kwoze  

Ewe Uhoraho, vyizigiro vy’Abisirayeli, abagutaye bose bazorimarima; abakuvako bazokwandikwa mu mukungugu gusa, kuko bataye Uhoraho, ari we sōko y’amazi y’ ubugingo.


Maz’ umwe mu bigisha ivyagezwe ava hasi, aramugeza, ati Mwigisha, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?


Abafarisayo baza kuri we bamugeza, baramubaza, bati Mbega biremerwa k’umuntu yirukana umugore kubg’ inyanduruko y’ikintu cose?


Banka ūhanūrira mw ishikiro ry’igisagara, bakazinukwa ūvuga ivy’ ukuri.


igihe co gutabura n’igihe co kubarīra; igihe co gucereza n’ igihe co kuvuga;


Kandi ntitukagerageze Umwami wacu, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bāmugerageje, bakamarwa n’inzoka.


Abafarisayo baza kuri we, baramugeza, bati Mbega biremerwa k’umuntu yirukana umugore wiwe?


Haza Abafarisayo, batangura kumuhāririza, bamuronderakw ikimenyetso kiva mw ijuru, bamugeza.


Ariko Yesu arihorera. Umuherezi mukuru aramubgira, ati Ndakurahiye Imana nzima, tubarire kw ari wewe Kristo, Umwana w’Imana.


Umwe muri bo w’umwigisha w’ivyagezwe aramubaza amugeza,


Ariko Yesu amenya ububi bgabo, arababaza, ati Mungereza iki ga mwa ndyarya mwe?


Abafarisayo n’Abasadukayo baraza, barondera kw abereka ikimenyetso kiva mw ijuru, bamugeza.


Na we ntiyamwishura ijambo na rimwe. Abigishwa biwe baza kuri we, baramwinginga, bati Murungike, kukw agenda aradusemerera inyuma.


Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.


Ni co gituma umunyamakenga apfa kwinumira mu gihe nk’ico, kukw ar’ igihe kibi.


Buno nyene haboneka intoke z’umuntu zandika ku gihome c’igisika mu ngoro y’umwami, ahahanganye n’igiteretswekw amatara; umwami abona ico gihimba c’igikonjo candika.


Uwihitira agashingwa n’intonganya z’ibitar’ ivyiwe Ameze nk’ūfata imbga ku matwi.


kw abo bantu bose babonye icubahiro canje n’ibitangaza vyanje nakoreye muri Egiputa no mu bugaragwa, bakangerageza ibihetangabo cumi vyose, ntibanyumvire;


Yuda n’ikibunda c’intambge: Uradūze, mwana wanje, uvuye mu ruhīgi. Arūnamye, abunda nk’intambge, Mbere nk’intambge y’ingore: ni nde yohangāra kuyūbura?


Mu gaturuturu asubira mu rusengero, abantu bose baza ah’ ari, aricara arabigisha.


Abandi bamuronderakw ikimenyetso kiva mw ijuru, bamugeza.


Turitange, canke dusigeho? Maz’ amenye uburyarya bgabo arababaza, ati Mungereza iki? Ni munzanire idenariyo, ndayirābe.


Naravuze, nti Nzokwirindira mu nzira zanje, Noye gucumuza ururimi rwanje. Nzoshira ikirumyo ku munwa wanje Umunyakibi akir’ imbere yanje.


baramugenza ngo barābe kw amukiza kw isabato, ngo bamurege.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite