Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:59 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

59 Baca batora amabuye yo kumutera, maze Yesu arihisha, ava mu rusengero.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

59 Bumvise ayo majambo baca batora amabuye ngo bayamutere, ariko Yesu aca arinyegeza, arasohoka ava mu rusengero.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:59
18 Referans Kwoze  

Abigishwa baramubgira, bati Mwigisha, Abayuda baheruka gushaka kugutera amabuye, non’ usubireyo?


Kand’ ūzorogota kw izina ryanje, jewe Uhoraho, ntaz’ abure kwicwa: ikoraniro ryose rize rimwicishe amabuye: yaba umunyamahanga ari muri mwebge cank’ imvukira azorogota kw izina ryanje, aze yicwe.


Barayogora n’amajwi arenga, bīziba amatwi, bamugwirakw icarimwe,


Nuko Pilato arababgira, ati Ni mumujane mwebge, mumucire urubanza nk’ukw ivyagezwe vyanyu bivuga. Abayuda baramwishura, bat’ Erega twebge ntitwemererwa kwica umuntu.


Mugifise umuco, mwizere umuco, ngo mube abana b’umuco. Yesu amaze kuvuga ivyo, arīgīra, arabīhisha.


Maze Yesu ntiyaba akigenda yibonekeza mu Bayuda, arikw avayo, aja mu gihugu kiri hafi y’ubugaragwa mu gisagara citwa Efurayimu, agumanayo n’abigishwa.


Arik’ uwakijijwe ntiyar’ azi uw’ ari we, kuko Yesu yaciye yīgīra, kukw aho hantu hār’ abantu benshi.


Uruhuni rubava ku maso, baramumenya: maz’ arakamangana, ntibāba bakimubona.


Basuka uruhumyi kur’ abo bagabo bo ku rugi, uhereye ku bakuru n’abato; bacumukura barondera urwo rugi.


Maze Dawidi agira intuntu nyinshi, kukw abantu bāvuga nk’abagomba kumutera amabuye; bose bāri n’akabonge kubg’ abana babo b’abahungu n’abakobga; ariko Dawidi arīremēsha, yisunze Uhoraho Imana yiwe.


Abafarisayo barasohoka, bamugīra inama ngo babone ingene bomwica.


Arikw arahita, abona umuntu yavutse ar’ impumyi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite