Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:53 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

53 Mbeg’ uruta sogokuruza wacu Aburahamu? We ko yapfuye, n’abāvugishwa n’Imana na bo bakaba bārapfuye: wiyita nde?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

53 Mbega uruta sogokuruza Aburahamu, ko we n’abavugishwa n’Imana bapfuye? Wewe wigira iki?”

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:53
14 Referans Kwoze  

Mbeg’ uruta sogokuruza wacu Yakobo, yaduhaye iri riba, yanywa amazi yaryo, ubgiwe n’abana biwe, n’amasho yiwe?


bafise ba sogokuruza ba bandi, kandi ku mubiri Kristo yamutse kuri bo, ni we ari hejuru ya vyose, ni we Mana ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amen.


Abayuda baramwishura, bati Twebge dufise icagezwe, kandi kubg’ ico cagezwe akwiye gupfa, kuko yigize Umwana w’Imana.


Ishengero riramwishura, riti Twebge twumvise mu vyagezwe ko Kristo azohorah’ ibihe bidashira. Non’ uvuze ute ng’ Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa? Mbeg’ uwo Mwana w’umuntu ni nde?


Abayuda baramwishura, bati Ntituguterera amabuye kubg’ igikorwa ciza, ariko n’uko warogose; kuko wewe ur’ umuntu ukīgira Imana.


Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho.


Ni co catumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica, kukw atākēngereye isabato gusa, arikw agatakw akīta Imana kw ari Se bgite, akīringaniza n’Imana.


Ariko ndababgira yuko hano har’ ūruta urusengero.


Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.


Mwoye kwiyumvira mu mitima, muti Dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite