Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:51 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

51 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni hagira uwitondera ijambo ryanje, ntazobona urupfu gushitsa ibihe bidashira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

51 Ndababwire ukuri, umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:51
15 Referans Kwoze  

N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, ni we afise ubugingo budashira, kandi ntazoshirwa mu rukinja, arikw aba avuye mu rupfu, ashitse mu bugingo.


Mwibuke rya jambo nababgiye, nt’ Umushumba ntaruta shebuja; namba bārampamye, namwe bazobahama; namba bāritondeye ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryitondera.


uyu ni wo mutsima umanuka uva mw ijuru, ng’ umuntu awuryako ntapfe.


Yari yarabgiwe na Mpwemu Yera yukw atazopfa, atarabona Kristo w’Umwami Imana.


Ukwizera ni kwo kwatumye Henoki ajanwa mw ijuru, ngo ntabone urupfu, kandi ntiyaboneka, kukw Imana yamujanye. Kuko yashingiwe intahe atarajanwa yuko yahimbaye Imana,


Ni nde muntu azoramba ntabone urupfu, Agakiza ubugingo bgiwe ukuboko kw’i kuzimu? Sela.


yamara ntimumuzi, ariko jewe ndamuzi. Kandi ni navuga ngo sindamuzi, nzoba mbaye umunyabinyoma nkamwe: ariko ndamuzi, kandi nitondera ijambo ryiwe.


Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.


Ndababgire ukuri: Mur’ aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera Umwana w’umuntu aje mu bgami bgiwe.


Abayuda baramubgira, bati Noneho turamenye k’urimwo dayimoni. Aburahamu yarapfuye, n’abāvugishwa n’Imana n’uko, ariko wewe uvuze, uti Ni hagira uwitondera ijambo ryanje, nta ho azokwumviriza ku rupfu.


Yesu aramwishura, ati Ni hagira ūnkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane na we.


Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye mu b’isi; bar’ abawe, urabampa, kandi bitondeye ijambo ryawe.


Ariko, uwacishijwe bugufi, akaba musi y’abamarayika gato, ni we Yesu, tumubona yambitswe ubgiza n’icubahiro nk’igitsibo, kubg’ imibabaro y’urupfu, kugira ng’ ubuntu bg’Imana butume arogorera umuntu wese urupfu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite