Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:46 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Ni nde muri mwebge yonyagiriza icaha nakoze? Ko mvuga ukuri, n’iki gituma mutanyemera?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

46 Hari n’umwe muri mwebwe ashobora kunyagiriza icaha? None nimba ndababwira ukuri, ni kuki mutanyizera?

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:46
12 Referans Kwoze  

Kuk’ umuherezi mukuru dufise, atar’ ūdashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze.


Sinkivugana namwe vyinshi, kuk’ umwami w’isi ari mu kuza, yamara muri jewe nta kintu ahafise;


Maze bakobeje kumubaza, arunamuka, arababgira, at’ Ūtagira icaha muri mwebge n’abe ari we abanza kumutera ibuye.


Bībūranya muri bo, bati Ni twavuga tuti Ni mw ijuru; ahava atubaza, ati N’iki cababujije kumwemera?


Non’ ukubatiza kwa Yohana kwaturutse hehe? Ni mw ijuru, canke ni mu bantu? Bībūranya muri bo, bati Ni twavuga tuti Ni mw ijuru; ahava atubaza, ati N’iki cababujije kumwemera?


We nta caha yakoze, kandi nta bugunge bgabonetse mu kanwa kiwe;


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Nuko Pilato aramubaza, at’ Ubgo wewe ur’ umwami? Yesu ati Ni wewe uvyivugiye ko nd’ umwami. Iki ni co navukiye, kand’ iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uw’ ukuri wese yumva ijwi ryanje.


Uwo ni yaza, azohinyuza ab’ isi, abemeze ivy’ icaha, n’ivy’ ukugororoka, n’ivy’ amateka;


Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.


Uw’ Imana yumva amajambo y’Imana; mwebge igituma mutumva, n’uko mutar’ ab’ Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite