Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 N’iki gituma mutamenya imvugo yanje? N’uko mudashobora kwumva ijambo ryanje.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

43 Ni kuki mudatahura inyigisho zanje? Ni kubera mudashobora no kwumviriza amajambo yanje.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:43
18 Referans Kwoze  

Jewe naje mw izina rya Data, ntimwanyakīra: ni hagira uwundi aza mw izina ryiwe ubgiwe, we muzomwākīra.


Ni hāba har’ ūgomba gukora ivyo uwo akunda, azomenya izi nyigisho, ko zavuye ku Mana, canke ko mbivuga mvyigeneye.


Yemwe abatagonda izosi, mwa ntakebga mu mitima no mu matwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bākora, ni ko namwe mukora.


Nuko benshi mu bigishwa biwe bavyumvise, baravuga, bat’ Iryo jambo riragoye: har’ uworyumva akarishobora?


Ariko bo ntibāmenya yukw ababgiye Se.


Nobarira nde ngw ambere icabona, kugira ngo bumve? Ereg’ amatwi yabo arazivye, ntibashobora kwumva: ijambo ry’Uhoraho ryahindutse agatukisha kuri bo; ntibakirinezererwa.


Abantu babi ntibatahura ibiroranye, Arikw abarondera Uhoraho batahura vyose.


Nta co bazi, kandi nta co biyumvira, kukw amaso yabo yahumye ngo ntibashobore kubona, n’imitima yabo ngo ntibashobore gutahura.


Arambarira, ati Genda, ubarire ubgo bgoko, uti Kwumva muzokwama mwumva, ariko ntimubitahure; kurāba muzokwama murāba, ariko ntimuvyihweze.


Ariko ntibazi ivyiyumviro vy’Uhoraho, canke ngo batahure imigabo yiwe, yuko yabakoranirije hamwe nk’imikama irunze ku mbuga.


Ni nde azi ubgenge? N’atahure ivyo! Ni nde w’umuhanga? N’abimenye! Kukw inzira z’ Uhoraho ar’ iziroranye, kand’ abagororotsi ni bo bazozigendamwo; arikw abacumura bazozigwamwo.


Nta wutahura, Nta wurondera Imana.


Kuk’ umutima w’ubu bgoko ucuramye, Amatwi yabo akaba ari bihurugutwi, Amaso yabo bakayahumiriza: Ngo ntibarābishe amaso, Ntibumvishe amatwi, Ntibatahurishe imitima, Ngo bahindukire, Mbakize.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Igihe kiza, kandi kirashitse, ah’ abapfuye bazokwumvira ijwi ry’Umwana w’Imana, kand’ abazoryumva bazoba bazima.


Baramwishura, bati Tur’ uruvyaro rwa Aburahamu, nta ho twigeze kujakarira umuntu n’umwe: non’ uvuga ute ngo tuzohabga kwidegemvya?


Baramwishura, bati Aburahamu ni we data. Yesu arabishura, at’ Iyo muba mur’ abana ba Aburahamu, muba mukora ibikorwa nk’ivya Aburahamu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite