Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Ariko none murondera ingene mwonyica, umuntu yababariye ivy’ ukuri, ivyo numvise ku Mana; Aburahamu ntiyagize artyo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 Raba ndababwiye ukuri nigishijwe n’Imana, none mushaka kunyica. Aburahamu ntiyigeze akora ibisa n’ivyo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:40
13 Referans Kwoze  

Mfise ivyo kubabarira vyinshi, no kubacira urubanza. Kand’ uwantumye n’uw’ ukuri; ivyo namwumvanye ni vyo mvuga mw isi.


Ariko nk’ukw ico gihe uwavyawe mu buryo bg’umubiri yahama uwavyawe mu buryo bga Mpwemu, na none ni ko biri.


Mbega mpinduwe umwansi wanyu no kubabgira ukuri?


Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirīgīra ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe.


Umurizo waco ukwega ikigira gatatu c’inyenyeri zo kw ijuru, uzishiburira kw isi. Ico gisato gihagarara imbere y’uwo mugore agira avyare, kugira ngo ni yavyara kirotse umwana wiwe.


kand’ abe na sekuruza w’abākebge, batākebge gusa, ariko bagera ikirenge mu c’ukwo kwizera kwa sogokuruza Aburahamu, ukwo yar’ afise, atarakebga.


Aburahamu sogokuruza wanyu yari yarahahamiye kubona umusi wanje, kandi yarawubonye, aranezerwa.


Umunyakibi agenzura umugororotsi, Akarondera ingene yomwica.


Umunyakibi aja inama yo kugirira umugororotsi nabi, Kand’ amuryaniriza imisaya.


Hanyuma y’ivyo Yesu agendagenda i Galilaya: ntiyashaka kugendagenda i Yudaya, kukw Abayuda bārondera ingene bomwica.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite