Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Baramwishura, bati Aburahamu ni we data. Yesu arabishura, at’ Iyo muba mur’ abana ba Aburahamu, muba mukora ibikorwa nk’ivya Aburahamu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Baramwishura bati: “Data ni Aburahamu.” Yesu arababwira ati: “Iyo muba muri abana ba Aburahamu, mwari gukora ivyo Aburahamu yakora.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:39
13 Referans Kwoze  

Mumenye rero yukw abīshimiye ukwizera ari bo bana ba Aburahamu.


Kandi kukw ar’ uruvyaro rwa Aburahamu, si co kibagira abana biwe bose: ariko, Kuri Isaka ni ho uruvyaro rwawe ruzokwītīrirwa.


Ndazi ko mur’ uruvyaro rwa Aburahamu, yamara murondera ingene mwonyica, kukw ijambo ryanje ritagira ikibanza muri mwebge.


kugira ngo mube abana ba So wo mw ijuru, kukw atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’ aha imvura abagororotsi n’abagabitanya.


Mwoye kwiyumvira mu mitima, muti Dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.


Ko mur’ aba Kristo, mur’ uruvyaro rwa Aburahamu, mur’ abaragwa nk’uko vyasezeranywe.


Ni co gituma ivyo vyavuye ku kwizera, ngo bibe ivy’ ubuntu; kugira ngo ku ruvyaro rwa Aburahamu rwose, ivyasezeranywe bize vyame bihamye, atar’ ab’ ivyagezwe gusa, ariko n’ab’ ukwizera kwa Aburahamu, ni we sogokuruza wa twese,


kand’ abe na sekuruza w’abākebge, batākebge gusa, ariko bagera ikirenge mu c’ukwo kwizera kwa sogokuruza Aburahamu, ukwo yar’ afise, atarakebga.


Baramwishura, bati Tur’ uruvyaro rwa Aburahamu, nta ho twigeze kujakarira umuntu n’umwe: non’ uvuga ute ngo tuzohabga kwidegemvya?


N’iki gituma mutamenya imvugo yanje? N’uko mudashobora kwumva ijambo ryanje.


Aburahamu sogokuruza wanyu yari yarahahamiye kubona umusi wanje, kandi yarawubonye, aranezerwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite