36 Umwana ni yabaha kwidegemvya, muzoba abidegemvya nyakuri.
36 None rero, Umwana niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya vy’ukuri.
Arik’ uwo Mwami ni we Mpwemu: kand’ aho Mpwemu w’Umwami ari, ni ho haba umwidegemvyo.
Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvyo: nuko muhagarare mushikamye, ntimukongere kuzīngīrwa n’ugutwazwa ituntu n’ubuja.
Kukw ikingera ca Mpwemu w’ubugingo bgo muri Kristo Yesu cancunguye ngo singanzwe n’icangera c’icaha n’ic’ urupfu.
ngo Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza: Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, N’impumyi ko zihumūka, No kubohora abanywagutse imitima,
Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;
Gumiriza intambuko zanje mw ijambo ryawe; Ntihagire ikigabitanyo na kimwe kinganza.
Nzogenda niruka mu nzira y’amabgirizwa yawe Ah’ uzokwagurira umutima wanje.
Kandi wame uzigama umusavyi wawe sinze nkore ivyaha ibigirankana, Ntibize binganze: ni ho nzobona gutungana rwose, Sinzotsindwa n’urubanza rw’ icaha gikomeye.
Uwahamagawe n’Umwami wacu ar’ umugurano, aba acitse uwidegemvya acunguwe n’Umwami. Ni ko, uwahamagawe n’Umwami ar’ uwidegemvya, aba acitse umugurano wa Kristo.