27 Ariko bo ntibāmenya yukw ababgiye Se.
27 Ariko ntibashoboye gutahura ko ariko avuga Se.
Arambarira, ati Genda, ubarire ubgo bgoko, uti Kwumva muzokwama mwumva, ariko ntimubitahure; kurāba muzokwama murāba, ariko ntimuvyihweze.
Uw’ Imana yumva amajambo y’Imana; mwebge igituma mutumva, n’uko mutar’ ab’ Imana.
N’iki gituma mutamenya imvugo yanje? N’uko mudashobora kwumva ijambo ryanje.
Dukabakaba ku nzu nk’impumyi, ni koko dukabakaba nk’abatagira amaso; ku murango w’amashōka dutsitara nko mu kajoro; mu bagikomeye tumeze nk’abapfuye.
Mfise ivyo kubabarira vyinshi, no kubacira urubanza. Kand’ uwantumye n’uw’ ukuri; ivyo namwumvanye ni vyo mvuga mw isi.
Nuko Yesu arababgira, at’ Aho muzomanikira Umwana w’umuntu, ni ho muzomenya ko ndi We, kandi kw ata co nkora nigeneye; uko Data yanyigishije, ni ko mbivuga.