Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Ico ni co gitumye mbabgira ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko ni mutizera ko ndi We, muzopfira mu vyaha vyanyu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Ni co gituma nababwiye ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko nimutizera ko ndi uwo nababwiye ko ndi, muzopfira mu vyaha vyanyu.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:24
18 Referans Kwoze  

Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, arik’ ūtumvira Umwana ntazobona ubugingo, arik’ uburake bg’Imana buguma kuri we.


Ūmwizeye ntazotsindwa n’urubanza, arik’ ūtamwizeye aramaze gutsindwa, kukw atizeye izina ry’Umwana w’Imana w’ikinege.


Uwizera akabatizwa azokizwa, arik’ ūtizera azotsindwa n’urubanza.


Mwirinde ntimwanke kwumva Iyirikw iravuga. Ba bandi ko batākize, hamwe banka uwababūririye mw isi, tweho tuzorushiriza cane kudakira, namba dutera ibitugu Iyitubūrira iri mw ijuru.


Arik’ ūncumuyeko, aba yankirije ubugingo bgiwe nyene: Abanyanka bose bakunda urupfu.


Uhereye ubu ndabibabariye bitaraba, kugira ngw aho bizobera, muze mwizere ko ndi we.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe nyene turiko turavugana.


tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise,


Nuko yongera kubabgira, ati Jewe ndi mu kuhava, namwe muzondondera, kandi muzopfira mu vyaha vyanyu: jewe iyo nja mwebge ntimuzoshobora gushikayo.


Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kukw ata rindi zina musi y’ijuru ryāhawe abantu dukwiye gukirizwamwo.


Benshi bazoza mw izina ryanje, bati Ndi we; kandi bazozimiza benshi.


Arababarira ati Mwirinde ntimuzimizwe: kuko benshi bazoza mw izina ryanje, bati Ndi we; kandi bat’ Igihe kiri hafi: ntimuze mubakurikire.


Imana yishura Mose, iti NDI UWO NDI WE: kandi, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, uti NDIHO yabantumyeko.


Kuko benshi bazoza mw izina ryanje, bati Ni jewe Kristo, kandi bazozimiza benshi.


Nuko baramubaza, bat’ Uri nde, wewe? Yesu arabishura, ati Nd’ ico nababgiye uhereye ubga mbere.


Nuko Yesu arababgira, at’ Aho muzomanikira Umwana w’umuntu, ni ho muzomenya ko ndi We, kandi kw ata co nkora nigeneye; uko Data yanyigishije, ni ko mbivuga.


Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite