Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Abayuda barabazanya, bati Mbeg’ azokwiyahura, kw agize ngw iy’ aja ntituzoshobora gushikayo?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Ivyo vyatumye Abayuda bibaza bati: “None agiye kwiyahura? Ni kuki avuze ngo: ‘Aho ngiye kuja, ntimushobora gushikayo’?”

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:22
11 Referans Kwoze  

Abayuda baramubgira, bati Noneho turamenye k’urimwo dayimoni. Aburahamu yarapfuye, n’abāvugishwa n’Imana n’uko, ariko wewe uvuze, uti Ni hagira uwitondera ijambo ryanje, nta ho azokwumviriza ku rupfu.


Abayuda baramwishura, bati None se ntitwavuze ukuri k’ur’ Umusamariya, kandi k’urimwo dayimoni?


Ariko jeho nd’umusiba, sind’ umuntu: Ndi ruvumwa mu bantu, nkēngērwa na bose.


Nuko tuve mur’ izo nsago, tumusange inyuma yazo, twiremētse ugucokorwa kwiwe.


Nuko mushire imitima kur’ uyo yihanganiye ibihāri bihambaye birtyo abanyavyaha bāmuhāririje, ntimucobogore, ntimudendebukirwe mu mitima yanyu.


benshi muri bo bat’ Arimwo dayimoni, kandi yāsaze: mumwumviririza iki?


Maz’ Abayuda baravugana, bati Mbeg’ uyo agira aje hehe, aho twebge tutazoshobora kumubona? Agira aje mu bāsābagiriye mu Bagiriki, ngw aze yigishe Abagiriki?


Ishengero riramwishura, rit’ Urimwo dayimoni! Ni nde ashaka kukwica?


Imitima yacu iduhiwe cane N’agacokoro k’abidibamiye, N’agakēngērwe k’abībone.


Iminwa ivuga ibinyoma izibge, Ivugana umugororotsi agakēngērwe, N’ubgibone n’akagaye.


Uku ni kwo gushinga intahe kwa Yohana, ah’ Abayuda bāmutumakw abaherezi n’Abalewi bavuye i Yerusalemu, ngo bamubaze, bat’ Uri nde?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite