Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Nuko yongera kubabgira, ati Jewe ndi mu kuhava, namwe muzondondera, kandi muzopfira mu vyaha vyanyu: jewe iyo nja mwebge ntimuzoshobora gushikayo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Yesu yongera kubabwira ati: “Ngiye kugenda, kandi muzondondera, ariko muzopfira mu vyaha vyanyu. Aho ngiye kuja, ntimushobora kuhashika.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:21
21 Referans Kwoze  

Muzondondera, ariko ntimuzombona, kand’ iyo nzoba ndi ntimuzoshobora gushikayo.


Ico ni co gitumye mbabgira ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko ni mutizera ko ndi We, muzopfira mu vyaha vyanyu.


Bana bato, ndacari kumwe namwe akanya gato. Muzondondera, ariko, nk’uko nabgiye Abayuda, nt’ Aho nja ntimushobora gushikayo, ni ko none ndababgira namwe.


Namwe yarabagize bazima, hamwe mwari mupfuye mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu,


Yesu arababgira, ati Hasigaye igihe gito umuco ukiri muri mwebge: ni mugende mugifise umuco, umwiza woye kubīriranirako. Ūgenda mu mwiza ntamenya iy’ aja.


Avuga ivyo ar’ukubamenyesha urupfu agira apfe.


Abo bazoja mu gihano kidashira, arikw abagororotsi bazoja mu bugingo budashira.


Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.


Kuko mbabgira yuko mutazosubira kumbona kuva ubu, kugeza aho muzovugira, muti Hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho.


Ntihazokwongera kubamw’ abapfa bakir’ inzoya, cank’ umutāma adasozereye imyaka yiwe; kuk’ umwana azopfa amaze imyaka ijana, kand’ ūkenyutse ntashitse ijana azoba yavumwe.


Umunyakibi atsindwa hasi n’ugukora nabi kwiwe, Arik’ umugororotsi agira ivyizigiro mu rupfu rwiwe.


Umuntu w’umunyakibi ni yapfa, ivyo yishimiye bizoshira, Kand’ ivyizigiro vy’abagabitanya birashira.


Inkomezi z’ubusore bgiwe zuzuye mu magufa yiwe, Zizoryamana na we mu mukungugu.


Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho Imana yawe, nta hanga na rimwe cank’ igihugu, databuja atātumye kukurondereramwo; bahakanye k’utariyo, yaciye yaka indahiro abami b’ivyo bihugu cank’ ayo mahanga ko bakubuze koko.


Mbeg’ iryo jambo atubgiye n’iriki, ngo Muzondondera, ariko ntimuzombona, kandi ngw Iyo nzoba ndi mwebge ntimuzoshobora gushikayo?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite