Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Na bo baramubaza, bati So ari hehe? Yesu arabishura, ati Nta jewe, nta Data, nta we muzi; iyo muba munzi, na Data muba mumuzi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Na bo baramubaza bati: “Mbega So ari he?” Yesu arabishura ati: “Ntimunzi kandi na Data ntimumuzi. Kuko iyo mumenya uwo ndi we, na Data mwari kumumenya.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:19
24 Referans Kwoze  

Kand’ ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibāmmenye.


Mushire ibirāre, mugororoke, ntimukore ivyaha: kuko bamwe batazi Imana. Mbivugiye kubatētereza.


Nuko Yesu arasemerera yigisha mu rusengero, ati Jewe muranzi, n’aho naturutse murahazi, kandi sinaje nitumye, arik’ uwantumye n’uw’ ukuri, mwebge ntimumuzi;


Yari mw isi, kand’ isi yaremwe na we, arikw isi ntiyamumenya;


Mur’ ico gihe Yesu aravuga, ati Ndaguhimbaza, Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya.


Umuntu wese arārāta, ntagume mu vyo Kristo yigishije, ntafise Imana: ūguma mu vyo yigishije ni we afise Data wa twese n’Umwana.


Kandi nzobaha umutima wo kummenya yuko nd’ Uhoraho: bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo, kuko bazongarukanak’ umutima wabo wose.


Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira.


ariko none, ko mwamenye Imana, cane‐cane ko mwamenywe na yo, n’iki catumye musubira inyuma mugahindukirira ivya mbere vya goyi‐goyi, bitagira ikimazi, mukagomba kubijakarira ukundi gusha?


Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.


kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Umwami wacu, mumunezereza muri vyose, mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose, mugwizwa no kumenya Imana,


Arikw ivyo vyose bazobibagirira babahōra izina ryanje, kuko batazi uwantumye.


Yaciriye urubanza umworo n’umukene; maze hakaba amahoro. Mbeg’ ivyo si kwo kummenya kw’ukuri? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


Ni we shusho y’Imana itaboneka, ni we mfura mu vyaremwe vyose:


ngw Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, Data wa twese w’ubgiza, ibahe umutima w’ubgenge no guhishurirwa mu kuyimenya;


Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w’ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije.


Umuntu wese ahakana Umwana, na Data wa twese ntamufise: uwemera Umwana, afise na Data wa twese.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite