Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Jewe nd’ uwishingira intahe, kandi na Data yantumye aranshingira intahe na we.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Jewe ndishingira intahe, kandi na Data yantumye arayinshingira.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:18
16 Referans Kwoze  

Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho.


Jewe mvuga ivyo nabonye kuri Data; namwe mukora ivyo mwumvise kuri so.


Imana ifatanije na bo kugashingira intahe, iyishingisha ibimenyetso n’ibitangaza n’ibikomeye vy’uburyo bginshi n’ingabire za Mpwemu Yera zagabanganijwe nk’uko yagomvye.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.


Ni jewe mwungere mwiza, ndazi izanje, n’izanje ziranzi,


Ni jewe mwungere mwiza; umwungere mwiza yigura intama ziwe.


Ni jewe rembo, kand’ ūshika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha, agaturuka, akaronka icanya.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni hagira uwitondera ijambo ryanje, ntazobona urupfu gushitsa ibihe bidashira.


Nuko baramubaza, bat’ Uri nde, wewe? Yesu arabishura, ati Nd’ ico nababgiye uhereye ubga mbere.


Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.


Jewe na Data tur’ umwe.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Ūnyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho;


Ni hagira uwica uwundi, uwo mwicanyi aze yicishwe n’ivyabona bimwagirije; arikw icabona kimwe ntikize cagirize umuntu ngo yicwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite