Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kandi no mu vyagezwe vyanyu handitswe kw intahe ishinzwe n’abantu babiri ar’ iy’ ukuri.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Mu Vyagezwe vyanyu haranditswe ko intahe y’ivyabona bibiri aba ari iy’ukuri.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:17
13 Referans Kwoze  

Icabona kimwe gusa ntikirangije kwagiriza umuntu ico yagabitanije cank’ ikindi caha ic’ ari co cose; amajambo az’ aringanizwe, bivuye mu kanwa k’ ivyabona bibiri canke bitatu.


Umuntu mu kw apfa, aze yicishwe n’ ivyabona bibiri canke bitatu bimwagirije; arikw icabona kimwe ntikize cagirize umuntu ngo yicwe.


Ūkēngereye ivyagezwe vya Mose, ivyabona bibiri canke bitatu biramwicisha, ata kagongwe.


Ariko n’atakwumvira, ujane umwe canke babiri, kugira ngw ijambo ryose rize riringanizwe, bivuye mu kanwa k’ivyabona bibiri canke bitatu.


Uko ni kw ivyagezwe vyatubereye umurezi aturera akadushikiriza Kristo, ngo dutsindanishirizwe n’ukwizera.


Ubu bugira bube ubga gatatu nza i wanyu. Ijambo ryose rizoringanizwa bivuye mu kanwa k’ivyabona bibiri canke bitatu.


Kand’ abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu bambaye amagunira.


Mwebge abagomba kuganzwa n’ivyagezwe, ni mumbarire: mbega ntimwumva ivyagezwe?


Ko twemera intahe ishinzwe n’abantu, intahe y’Imana yo n’agaheta: kukw intahe y’Imana ar’ iyi, ar’ uko yashingiye intahe ivy’ Umwana wayo.


maze muzane abantu babiri b’inshirukanya, baje imbere yiwe bamwagirize, bati Warogose ku Mana no ku mwami. Muheze mumujane inyuma y’ igisagara, mumwicishe amabuye.


Ariko vyabaye birtyo kugira ngw ijambo ryanditswe mu vyagezwe vyabo rishike, ngo Bānyankiye ubusa.


Yesu arabishura, ati Mbega ntihanditswe mu vyagezwe vyanyu, ngo Navuze nti Mur’ imana?


Ni hagira uwica uwundi, uwo mwicanyi aze yicishwe n’ivyabona bimwagirije; arikw icabona kimwe ntikize cagirize umuntu ngo yicwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite