Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kandi naho jewe noca urubanza, urubanza rwanje rwoba urw’ ukuri, kuko ntari jenyene, ndi kumwe na Data yantumye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Iyo ndamutse nca urubanza, ruba ari urw’ukuri, kuko simba ndi jenyene, mba ndi kumwe na Data yantumye.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:16
15 Referans Kwoze  

Kand’ uwantumye turi kumwe na we, ntiyansize jenyene, kuko jewe na ntaryo nama nkora ibimuhimbara.


kuko yashinze umusi wo gucirakw isi yose amateka y’ukuri, izoyacisha umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyamenya c’ivyo, mu kumuzura imukūye mu bapfuye.


Igihe kigira kize, mbere kirashitse, aho muhava musābagira, umuntu wese aje mu vyiwe, munte jenyene, ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje.


Arik’ Uhoraho abarira Samweli, ati Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.


Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, ūyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


Inkomezi z’umwami n’ugukunda imanza zibereye; Ni wewe ushinga ibiroranye. Imanza zibereye n’izigororotse ni wewe ubikorera mu ba Yakobo.


Imbere y’Uhoraho, kukw agira aze gucira abari mw isi imanza: Azocira abari mw isi imanza zigororotse, N’amahanga izibereye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite