Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Mwebge muca urubanza nk’abantu, jeho nta n’umwe ncira urubanza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Mwebwe muca imanza nk’abantu, ariko jewe nta n’umwe ncira urubanza.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:15
17 Referans Kwoze  

Arik’ Uhoraho abarira Samweli, ati Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.


Ariko ni hagira uwumva amajambo yanje, ntayazigame, si jewe ndamucirakw iteka; kuko ntāzanywe no gucirakw iteka isi, ariko nazanywe no gukiza isi.


Ntimupfe guca imanza ku biboneka, ariko muce imanza z’ukuri.


Kukw Imana itātumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we.


Yesu aramwishura, at’ Ubgami bganje s’ubgo mur’ iyi si; iyaba ubgami bganje bgar’ ubgo mur’ iyi si, abagendanyi banje baba bārwanye, ngo simpabge Abayuda. Ariko noneh’ ubgami bganje s’ubg’ ino.


Arik’ umuntu w’impwemu asesa vyose, kand’ ubgiwe nta wumusesa.


Ni co gituma utagira ico wireguza, wewe muntu wese uhinyura uwundi. K’uhinyura uwundi, uba witsindishije; kuko wewe umuhinyura ukora bimwe n’ivy’ akora.


Na we ati Nta n’umwe, Mugenzi. Yesu aramubgira, ati Nanje singucira urubanza. Ni wīgīre, guhēra ubu ntuz’ usubire gukora icaha.]


Yemwe abahindura imanza zigacika umururazi, ukugororoka mukagushiburira hasi,


none se ntimuba mwisobanuye, mukaba abacamanza biyumvira ibibi?


Aramubaza, ati Mbega wa mugabo, ni nde yanshizeho kuba umucamanza wanyu, canke kubagaburira ivyanyu?


Ni co gituma amabgirizwa asigaye yāfōrorotse, akaba ata manza ziroranye zikiboneka na mba: kuk’ umunyakibi atangatanze umugororotsi irya n’ino, bigatuma imanza ziboneka zigoramye.


Mbeg’ amafarasi yokwiruka ku rutare? Canke har’ uwoharimisha inka? Ariko mweho imanza ziroranye mwāzihinduye ibamba, n’imbuto z’ukugororoka mwāzihinduye umururazi,


Ni co gituma uhereye none tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vy’ umubiri, ariko none ntitukimumenya durtyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite