Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ab’ isi ntibabanka, ariko jewe baranyanka, kuko mbavugira ibikorwa vyabo kw ari bibi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Isi ntishobora kubanka, ariko jewe iranyanka kuko ndayagiriza ibikorwa bibi.

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:7
27 Referans Kwoze  

Uku ni kwo gutsindwa, kuk’ umuco waje mw isi, arikw abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kukw ibikorwa vyabo ari bibi.


Mbega mpinduwe umwansi wanyu no kubabgira ukuri?


Abo n’abava mw isi, ni co gituma bavuga ivy’ isi, ab’ isi bakabumvira.


Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ ukwankana n’Imana? Nuk’ umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana.


Nabahaye ijambo ryawe; kand’ ab’ isi barabanka, kukw atar’ ab’ isi, nk’uko nanje ntar’ uw’ isi.


Kuko kwitwaririka ivy’ umubiri gutera kwanka Imana, kuko kutumvira ivyagezwe n’Imana, kandi kudashobora kuvyumvira.


Maze Ahabu abarira Eliya, at’ Urandonse akabero, wa mwansi wanje! Na we ati Ndakuronse akabero koko, kuko witanze gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.


Kukw iyo mvuze, mvugira hejuru; mvugira hejuru, nti Har’ umuryano n’ubunyazi! Mber’ ijambo ry’Uhoraho ryampinduye agatukisha n’agatwengo kurenza umusi.


Arik’ ūncumuyeko, aba yankirije ubugingo bgiwe nyene: Abanyanka bose bakunda urupfu.


Muzobona ibara, ah’abantu bose bazobashemagiza; kukw ari ko ba sekuruza babo bāshemagije abīgira abavugishwa n’Imana.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Mu kwezi kumwe ngeseza ba bungere batatu; kuk’ umutima wanje war’ ubarambiwe, kandi n’iyabo yari yanzinutswe.


Uku ni k’Uhoraho agize, Umucunguzi wa Isirayeli, Uwera wiwe, abgira umwe abantu bakēngēra, uwo ihanga ryanka urunuka, umushumba w’ abaganza, at’ Abami bazobirāba bahaguruke; bo n’abaganwa, bakome amashi; kubg’ Uhoraho umwizigirwa, ni we Wera wa Isirayeli yagutoranije.


ni bo bacumuza umuntu mw ijambo, bagatega umutego ūhanūrira mw ishikiro ry’igisagara, bakazibiranya umugororotsi n’amagambo y’ubusa.


Umucokoranyi ntakunda igihano, Kandi ntagendera abanyabgenge.


Umwami w’Abisirayeli yishura Yehoshafati, ati Haracasigaye umuntu umwe twoshobora kubaza, akadusiguriza Uhoraho; yitwa Mikaya mwene Imula; ariko ndamwanka, kukw ata ho avugishwa ivyiza kuri jewe, atar’ ivyago. Yehoshafati aramubarira, ati Sigaho mugenzi, nta co uvuga urtyo!


Ku neza nabagiriye banyishuye inabi, Ku rukundo banyishuye urwanko.


uwo muherezi amusuzume; maze ni haboneka ahashundashe, inyuma ku rukoba, hagatako hakēra, bigatuma ubgoya bgaho bgera, inyama zaho zikajējēta;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite