Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Maze Yesu arabishura, at’ Igihe canje ntikiragera, arikw igihe canyu co, cama kiriho.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Yesu arababwira ati: “Igihe canje ntikirashika. Kuri mwebwe igihe cose ni ciza.

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:6
10 Referans Kwoze  

Mwebge ni mudūge kumara iyo misi mikuru, ariko jeho sindayidūgako, kukw igihe canje kitaragera.


Yesu aramwishura, ati Duhūriye hehe ga nyina wanje? Igihe canje ntikiragera.


Buno barondera ingene bomufata, ariko ntihagira ūmukozako n’intoke, kukw igihe ciwe kitaribgagere.


Yesu avuze ivyo, arangamiza mw ijuru, ati Data, igihe kirashitse: shimagiza Umwana wawe, ng’ Umwana agushimagize;


Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.


Ayo majambo yayavugiye mw iyakīriro ry’amashikanwa, arikw arigisha mu rusengero; kandi nta n’umwe yamufashe, kukw igihe ciwe kitaribgashike.


Arabishura, ati Ni muje mu gisagara kwa ntuze, mumubarire, mut’ Umwigisha agize ngw Igihe ciwe kiri hagufi, agira asangirire ivya Pasika n’abigishwa biwe i wawe.


Arabishura, ati S’ivyanyu kumenya imisi cank’ ibihe Data yashinze n’ububasha bgiwe wenyene;


Uzohaguruka, ugirire imbabazi i Siyoni: Kukw igihe co kuhagirira ikigongwe gishitse, mber’ igihe cashizweho kirashitse.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite