49 Arikw abo bantu batazi ivyagezwe n’ibivume.
49 Abamwizeye ni iryo sinzi ry’abantu batazi Ivyagezwe, kandi abo bariko umuvumo!”
Bamwe mu Bafarisayo bāri kumwe na we bumvise ivyo, bati Mbega natwe tur’ impumyi?
Baramwishura, bati Wewe wavukiye mu vyaha gusa gusa, ni wewe utwigisha? Bamuhindira hanze.
bakavuga, bati Hagarara ukwawe, ntunyegēre, kuko jewe nkurusha kuba uwejejwe. Ben’ abo bambera umwotsi wo mu mazuru, n’umuriro wīriza umusi waka.
Nuko rero ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa bacokoranyi mwe, baganza ubu bgoko bur’ i Yerusalemu!
Bazobona ibara, abīyita abanyabgenge ubgabo, bakībgira kw ar’ abahanga!
Har’ umukuru n’umwe yamwizeye, cank’ Umufarisayo?
Nikodemo, umwe yaza kuri we mbere, yar’ umwe muri bo, arababaza,