43 Ishengero riramupfa,
43 Maze bituma abantu batumvikana kubera Yesu.
Abayuda bongera kumupfa kubg’ ayo majambo;
Bamwe mu Bafarisayo baravuga, bat’ Uwo muntu ntava ku Mana, kukw ataziririza isabato. Abandi bati Mbeg’ umuntu w’umunyavyaha yoshobora ate gukora ibimenyetso bingana birtyo? Baramupfa.
Haba ivyongoshwe vyinshi mw ishengero bamuvuga: bamwe bati N’umuntu mwiza, abandi bat’ Oya, arazimiza abantu.
Arikw abantu bo mur’ ico gisagara bīrema ibice, bamwe baherēra ku Bayuda, abandi ku ntumwa.
Mbega mwiyumvira ko naje kuzana amahoro mw isi?
Kuko naje guteranya umwana na se, n’umukobga na nyina, n’umukazana na inabukwe.