Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 kukw ata wogira ico akora mu mpisho, na we ngw arondere kumenyekana. K’ukora ivyo, ni wiserure mu b’isi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nta muntu arondera kumenyekana hanyuma ngo akore yinyegeje. Ko uriko urakora ibikorwa nk’ibi, niwiyereke isi!”

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:4
12 Referans Kwoze  

Yesu aramwishura, ati Nabarira ab’ isi mvyeruye, nahora nigishiriza mu masinagogi no mu rusengero ah’ Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho.


Umunyangeso nziza akūra ivyiza mw itunga ryiza ryo mu mutima wiwe, n’umunyangeso mbi akūra ibibi mw itunga ribi: ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kiwe kavuga.


Arikw ibikorwa vyabo vyose babikora kugira ngo barābge n’abantu, kukw amambe yabo yanditswemw’ amajambo y’Imana bayagira manini, ubuyonga bg’ impuzu zabo bakabgongereza.


Iyo musenga ntimukabe nka za ndyarya, kuko bakunda gusenga bahagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, ngo biyerekane imbere y’abantu; ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.


Kand’ iyo mwisonzesha, ntimwijirwe nk’uko za ndyarya zigira. Kuko bīyoberanya mu maso ngo babonwe n’abantu ko bisonzesheje. Ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.


aramubgira, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, ikororere hasi, kuko vyanditswe, ngw Azokuragiza abamarayika biwe, Na bo bazokuramira mu maboko yabo, Ngo kumbure ntutsitare kw ibuye.


Maz’ intumwa yari yagiye guhamagara Mikaya iramubarira, it’ Abavugishwa bose bahūrije hamwe gusigurira umwami ivyiza; none rero nawe amajambo yawe n’abe nk’ayabo, uvuge ivyiza.


Nuko bene nyina baramubgira, bati N’uve ino, uje i Yudaya, abigishwa bawe na bo barābe ibikorwa ukora;


Kuko na bene nyina na bo batāmwizera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite