Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Abafarisayo bumvise kw ishengero rimuvugana ivyo mu twongoshwe, abaherezi bakuru n’Abafarisayo batuma abagendanyi kumufata.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Abafarisayo bumvise ivyo abantu bariko barongoreranira kuri Yesu, baca bafatanya n’abakuru b’abaherezi batuma abarinzi b’urusengero gufata Yesu.

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:32
13 Referans Kwoze  

Maz’ uwo mukuru w’abashibamyi ajana n’abagendanyi, babazana ku neza, kuko bātinya abantu, ngo ntibabatere amabuye.


Nuko Yuda amaze guhabga n’abaherezi bakuru n’Abafarisayo ingabo z’abasoda, bo n’abagendanyi, ajayo, bari n’amatara n’ibimuri n’ibirwanishwa.


Arikw Abafarisayo bavugana muri bo, bati Murabona kw ata co mumaze: rāba isi yose yamukondoreye inyuma.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [


Nuko Sauli atuma abantu gufata Dawidi: bashitseyo, basanga abavugishwa n’Imana b’agakama bariko baravugishwa, na Samweli ahagaze ngaho nk’umukuru wabo; maze Mpwemu w’Imana aza kur’ izo ntumwa za Sauli, na zo zica ziravugishwa.


Abafarisayo barasohoka, bamugīra inama ngo babone ingene bomwica.


Ariko Petero amuja inyuma barenga arenguka, gushitsa ku rugo rw’umuherezi mukuru, ashika imbere, yicarana n’abagendanyi ngw arābe amaherezo.


Buno barondera ingene bomufata, ariko ntihagira ūmukozako n’intoke, kukw igihe ciwe kitaribgagere.


ariko bamwe muri bo baja ku Bafarisayo, bababgira ivyo Yesu akoze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite