Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nuko bene nyina baramubgira, bati N’uve ino, uje i Yudaya, abigishwa bawe na bo barābe ibikorwa ukora;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Nuko bene nyina ba Yesu baramubwira bati: “Va mu ntara ya Galilaya uje mu ntara ya Yudaya kugira ngo abigishwa bawe babayo babone ibikorwa ukora.

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:3
17 Referans Kwoze  

Akivugana n’ishengero, nyina na bene nyina bāri bahagaze hanze, bagomba kubonana na we.


Kuko na bene nyina na bo batāmwizera.


Ariko Petero ahagararana na bamwe cumi n’umwe, ababariza ijwi rirenga, ati Yemwe Bayuda n’ababa i Yerusalemu mwese, ibi ni mubimenye, kandi ni mwumvirize amajambo yanje.


Bene nyina bamaze kudūga i Yerusalemu kumara iyo misi mikuru, na we aradūga, ntiyibonekeza, arikw agenda nk’uwomba.


Maze nyina na bene nyina baza ah’ ari, ntibāshobora kumushikīra kubg’ ishengero.


Maze nyina na bene nyina baraza, batuma kumuhamagara, bahagaze hanze.


Kuko na bene wanyu n’inzu ya so ari bo nyene bakuryarutse; ni bo nyene bakuvuza induru inyuma: nawe ntuz’ ubemerere, naho bokubarira amajambo meza.


Maze Eliyabu mukuru we, imfura ya se, yumvise Dawidi avugana n’abo bantu, uburake bgiwe buraziriringa, aramubaza, ati Wazanywe n’iki? Mbega bga butama wabusigaranye nde mu bugaragwa? Ndazi amanyama yawe, n’ ubugāba bgo mu mutima wawe: ereg’ icakuzanye n’ukugira ng’ urābe intambara.


Ni muze tumwice, tumuterere mu rwobo rumwe mur’ ibi, duheze tuvuge, tut’ Igikōko c’inkazi caramuriye: tuze turābe inzozi ziwe uko zizoba!


Ab’i wabo bavyumvise barasohoka ngo baje kumufata, kuko bāgira ngo Yasaze.


Yesu na we atorerwa ubukwe, bo n’abigishwa biwe.


Nuko benshi mu bigishwa biwe bavyumvise, baravuga, bat’ Iryo jambo riragoye: har’ uworyumva akarishobora?


Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe bamuva inyuma, ntibāba bakijana na we.


kukw ata wogira ico akora mu mpisho, na we ngw arondere kumenyekana. K’ukora ivyo, ni wiserure mu b’isi.


Baramubgira, bat’ Umuvyeyi wawe na barumuna bawe bahagaze hanze bagomba kubonana nawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite