Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Uyo ko tuzi aho yaturutse, ariko Kristo ah’azozira, nta wuzi ah’ azoturuka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Ariko turazi iyo uwu mugabo ava; Kristo ni yaza, nta muntu n’umwe azomenya iyo aje ava.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:27
14 Referans Kwoze  

Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.


Twebge tuzi yukw Imana yavuganye na Mose, arik’ uwo ntituzi ah’ aturuka.


Bat’ Uyu si we Yesu mwene Yosefu? Na se na nyina turabazi: non’ avuga ate ngo Namanutse mva mw ijuru?


Umwami wabo azoba uwo muri bo bgite, ūbaganza akomoke hagati muri bo: nanje nzomwiyegereza, kand’ azonshikīra: kuko ni nde yohangara kunshikīra? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Mbega si wa mubāji, mwene Mariya, mwene nyina wa Yakobo na Yose na Yuda na Simoni? Bashiki biwe na bo ntibari hano i wacu? Ivyiwe birabatsitaza.


Bose baramushima, batangazwa n’amajambo y’igikundiro avuye mu kanwa kiwe, bati Mbeg’ uyu si we mwene Yosefu?


Ku gishitsi ca Isayi hazobaduka agashami, kand’ umunago wanaze mu mizi yiwe uzokwama.


Rāba imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzonagisha kuri Dawidi uwitwa Shami w’umugororotsi, kand’ azoganza nk’ umwami, agire ikiganza ciza, ace iziroranye n’izibereye mu gihugu.


Hamwe yacishwa bugufi barēngānye urubanza rwiwe, Ab’ urunganwe rwiwe ni nde azoshobora kubadondora? Kuk’ ubugingo bgiwe bukūwe mw isi.


Abayuda baratangara, bati Mbeg’ uyu yakūye ubgenge hehe, atigishijwe?


Yakūweho no kugirirwa nabi no gutsindishwa; mu bo mu runganwe rwiwe ni nde yabishizek’ umutima ko yakūwe mw isi y’abakiriho? Ibicumuro vy’abantu banje ni vyo yakubitiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite