24 Ntimupfe guca imanza ku biboneka, ariko muce imanza z’ukuri.
24 Nimureke guca imanza mufatiye ku vyo mubona, nimuce imanza zigororotse.”
Arikw iyo murobanuye abantu ku cubahiro, muba mukoze icaha, mutsinzwe n’ivyagezwe ko mubaye abanyabicumuro.
Mwebge muca urubanza nk’abantu, jeho nta n’umwe ncira urubanza.
Bene Data, kwizera Umwami wacu Yesu Kristo w’ubgiza ntikubemwo kurobanura abantu ku cubahiro.
N’aya nyene n’amajambo y’ abanyabgenge. Mu manza si vyiza gutinya abantu ku kigohe.
Ūtsindanishiriza umunyakibi, bo n’ūtsindisha umugororotsi Bompi nyene n’igisesema k’ Uhoraho.
none se ntimuba mwisobanuye, mukaba abacamanza biyumvira ibibi?
Ntimuze mucishe urubanza aho rutari; ntimuze muce urwa nkunzi mubitewe no kugirira impuhwe umworo, canke no gutinya ūhambaye; ariko muze mucire bagenzi banyu imanza ziroranye.
bagatsindanishiriza abanyakibi kubg’ ingurire, ariko bagakūra urubanza ku bagororotsi!
Iti Muzogeza hehe kugoreka imanza, No gutinya abanyakibi ku kigohe? Sela.
rit’ Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagize, ati Ni muce imanza ziroranye, umuntu wese agirire mugenzi we imbabazi n’ikigongwe.
Bamwe mu b’i Yerusalemu baravuga, bati Mbeg’ uwo si we bashaka kwica?
Mbega murāba ibibonwa n’amaso? Namba har’ umuntu yizigiye kw ar’ uwa Kristo, yibgire n’ibi, yuk’ ukw ar’uwa Kristo, natwe ari ko turi.