Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 None se, k’umuntu akebga kw isabato, kugira ngw icagezwe ca Mose ntimukirenge, none jewe mumpōra iki ko kw isabato nakijije umuntu yiramvuriye?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Nimba mushobora gukeba umwana w’umuhungu ku musi w’Isabato kugira ngo mwubahirize icagezwe ca Mose, ni kuki munshavurira iyo nkijije umuntu ku musi w’Isabato.

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:23
9 Referans Kwoze  

Canke nta ho murasoma mu vyagezwe ingene kw isabato abaherezi, iyo bari mu rusengero, bazirura isabato, ntibabekw igicumuro?


Abafarisayo babibonye, baramubgira, bati Mbeg’ abigishwa bawe ko bakora ikizira gukorwa kw isabato!


Uti Nuko muze muziririze isabato, kukw ar’ iyera kuri mwebge; umuntu wese azoyizirūra ntaz’ abure kwicwa: mber’ uwogira ic’ akora cose kur’ uwo musi, az’ arandurwe mu bgoko bgabo.


Kandi hārimw’ umuntu anyunyutse ukuboko. Baramubaza, bati Mbega birēmerwa gukiza kw isabato? Ngo baronke uko bomurega.


Nukw Abayuda babgira uwakijijwe, bat’ Erega ni kw isabato: ntivyemerwa ko wikorera ikirago cawe.


Yesu arabishura, ati Nakoze igikorwa kimwe, mwese muratangara.


Bamwe mu Bafarisayo baravuga, bat’ Uwo muntu ntava ku Mana, kukw ataziririza isabato. Abandi bati Mbeg’ umuntu w’umunyavyaha yoshobora ate gukora ibimenyetso bingana birtyo? Baramupfa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite