Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Mbega Mose si we yabahaye ivyagezwe? Ariko muri mwebge nta n’umwe yitondera ivyo vyagezwe. Muronderera iki kunyica?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Mbega Mose ntiyabahaye Ivyagezwe? Ariko nta n’umwe muri mwebwe avyubahiriza. Ni kuki mushaka kunyica?”

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:19
27 Referans Kwoze  

Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.


Nuko bahēra uwo musi baja inama yo kumwica.


Hanyuma y’ivyo Yesu agendagenda i Galilaya: ntiyashaka kugendagenda i Yudaya, kukw Abayuda bārondera ingene bomwica.


Abafarisayo barasohoka, bamugīra inama ngo babone ingene bomwica.


Kukw abākebge na bo nyene batitondera ivyagezwe, ariko bashaka ko mukebga, ngo birate imibiri yanyu.


Mose yadushingiye ivyagezwe, Ni vyo shamvu y’ikoraniro ry’ aba Yakobo.


Nti Ntimuze muce urwa nkunzi, nt’ Ariko muze mwumvirize aboroshe n’abahambaye, mubanganye: nti Ntimuze mutinye umuntu ku kigohe, kukw imanza ar’ iz’ Imana. Nti Kand’ urubanza ruzobananira, muze murunzanire, ndarwumvirize, ndaruce.


Nukw ivyagezwe n’ibiki? Vyageretsweko kubg’ ibicumuro, ngo bigumeho kugeza ah’ uruvyaro ruzozira rwasezeranywe ivy’ isezerano: kandi vyahawe abamarayika kubigera, na bo babiha umushikirwa w’amajambo.


Kand’ uwo Mose ni we yari mw ishengero ryo mu bugaragwa, ari kumwe n’umumarayika yavuganiye na we ku musozi Sinayi, kand’ ari kumwe na ba sogokuruza; kandi yaherejwe amajambo y’ubugingo ngw aduhe.


Nuko bongera kurondera ingene bomufata, abava mu maboko.


Bamwe mu b’i Yerusalemu baravuga, bati Mbeg’ uwo si we bashaka kwica?


Ntimugire ngo nzobarega kuri Data: harih’ ūbarega, ni Mose uwo mwishimiye.


Ni co catumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica, kukw atākēngereye isabato gusa, arikw agatakw akīta Imana kw ari Se bgite, akīringaniza n’Imana.


Ni co catumye Abayuda bahama Yesu, kuko yakoze ivyo kw isabato.


Abafarisayo barasohoka, baca bamugīra inama n’abantu ba Herode ngo babone ingene bomwica.


Arababaza, ati Mbeg’ ivyemerwa n’ugukora ivyiza kw isabato canke n’ugukora ibibi? Gukiza umuntu canke kumwica? Barihorera.


Abo barimyi babonye wa mwana wiwe, baravugana, bat’ Urya ni we samuragwa: ni muze tumwice, tuze twegukire umwandu wiwe.


Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bavyumvise barondera ingene bomwica, kuko bāmutinya, kukw abantu bose batangazwa n’inyigisho ziwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite