Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ūvuga ivyo yigeneye aba yironderera icubahiro; arik’ ūrondera icubahiro c’uwamutumye, ni we w’ukuri, kandi nta kugabitanya kuba kuri muri we.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Uwuvuga amajambo yiwe ubwiwe, aba arondera icubahiro ciwe, ariko uwurondera icubahiro c’uwamutumye avuga ukuri, nta binyoma biri muri we.

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:18
19 Referans Kwoze  

Singomba gushimwa n’abantu,


Kandi ntitwarondera icubahiro co ku bantu, ari kuri mwebge canke ku bandi: naho tuba twarashoboye kubaremēra, kuko tur’ intumwa za Kristo.


Data, shimagiza izina ryawe. Maz’ ijwi riva mw ijuru, riti Ndarishimagije, kandi nzokwongera kurishimagiza.


Umuntu iy’ avuze, avuge nk’ūbivugishijwe n’Imana: umuntu iy’ agabuye, agabure nk’ūfise ubushobozi Imana itanga; kugira ngw Imana iterwe icubahiro muri vyose, kubga Yesu Kristo, afise icubahiro n’ububasha ibihe bitazoshira. Amen.


Nuko musenge murtya, muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe,


Si vyiza kurya ubūki bginshi cane: Kandi kwironderera icubahiro s’icubahiro.


Mose aramubaza, ati Ni jewe ufitiye ishaka? Icompa abantu bose b’Uhoraho bakaba abavugishwa na we, Uhoraho akabashirakw impwemu yiwe!


Yesu avyumvise aravuga, at’ Iyo ndwara s’iyo kumwica, ariko n’iyo gushimagirisha Imana, kugira ngo n’Umwana w’Imana imushimagirishe.


Yesu arabishura, ati Ni naba niha icubahiro, icubahiro canje kizoba ar’ ic’ ubusa: ūmpa icubahiro ni Data, uwo muvuga ngo n’Imana yanyu,


kuko bākunda icubahiro c’abantu kukirutisha icubahiro c’Imana.


Ko muzi yuk’ uwo ar’ umugororotsi, murazi yuk’ ūkora ivy’ ukugororoka wese yavyawe na we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite