Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Abayuda baratangara, bati Mbeg’ uyu yakūye ubgenge hehe, atigishijwe?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Abayuda bamwumvise baratangara, barabaza bati: “Uwo mugabo azi vyinshi cane kandi atize. Ivyo bishoboka gute?”

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:15
18 Referans Kwoze  

Bose baramushima, batangazwa n’amajambo y’igikundiro avuye mu kanwa kiwe, bati Mbeg’ uyu si we mwene Yosefu?


Aja mu ntāra y’i wabo, yigishiriza mw isinagogi yabo, bituma batangara, bat’ Ubu bgenge n’ivyo bitangaza mbeg’ uyu yabikūye hehe?


Aciregura artyo, Fesito avuga n’ijwi rirenga, at’ Erega Paulo urasaze; ubgenge bgawe bginshi buragushajije.


Abagendanyi barabishura, bat’ Erega ntihigeze kuboneka umuntu avuga nka we.


Abamwumvise bose batangazwa n’ubgenge bgiwe n’ivy’ abishura.


Bavyumvise baratangara, bamusigaho barīgīra.


Uku ni kwo gushinga intahe kwa Yohana, ah’ Abayuda bāmutumakw abaherezi n’Abalewi bavuye i Yerusalemu, ngo bamubaze, bat’ Uri nde?


Ishengero rivyumvise, ritangazwa n’inyigisho ziwe.


Maz’ abāri basanzwe bamuzi bose, babonye arikw aravugishwa hamwe n’abandi, barabazanya, bati Mbega mwene Kishi yabaye iki? None Sauli na we yari mu bavugishwa n’Imana?


Maz’ Abayuda bamurondera mur’ iyo misi mikuru, bati Mbega wa wundi ari hehe?


Ariko nta n’umwe yamuvuze atobora, kuko batinya Abayuda.


Babonye ugushira amanga kwa Petero na Yohana, kandi babona ko batigishijwe, atar’ abanyabgenge, baratangara; maze bamenya ko bābana na Yesu;


maze bagaha ico gitabo ūtazi gusoma, bat’ Enda se soma iki: akabishura, ati Ko ntazi gusoma.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite