Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ya misi mikuru igeze hagati, Yesu adūga mu rusengero, arigisha.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Umusi ugeze hagati, Yesu yinjira mu rusengero atangura kwigisha.

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:14
16 Referans Kwoze  

Nuko Yesu arasemerera yigisha mu rusengero, ati Jewe muranzi, n’aho naturutse murahazi, kandi sinaje nitumye, arik’ uwantumye n’uw’ ukuri, mwebge ntimumuzi;


Kandi yigishiriza mu rusengero imisi yose. Arikw abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abantu bakuru‐bakuru bo mur’ ubgo bgoko barondera ingene bomwica,


Yesu aramwishura, ati Nabarira ab’ isi mvyeruye, nahora nigishiriza mu masinagogi no mu rusengero ah’ Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho.


Mu gaturuturu asubira mu rusengero, abantu bose baza ah’ ari, aricara arabigisha.


Nuko ku musi uherūkira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera, ati Namba har’ ūfise inyota, n’aze kuri jewe, anywe.


Imisi mikuru y’Abayuda yitwa iy’ Insago yarikw irashika.


Hanyuma y’ivyo Yesu amubona mu rusengero, aramubgira, ati Rāba wakize; ntugasubire gukora icaha, kugira ngo ntuz’ ubone ibiruta ivya mbere.


Uwo mwanya Yesu abaza ico gitero, ati Mbega munziye kumfata nk’umwambuzi, muzanye inkota n’amahiri? Ko nicara mu rusengero nigisha imisi yose ntimumfate?


Yesu yinjira mu rusengero rw’Imana, ahindira hanze abadandariza mu rusengero n’abaruguriramwo bose, ahenura ameza y’abavunja amahera n’intebe z’abāriko baragurwakw inuma.


Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Bukeye ku musi ugira kabiri muze mutange amamasa y’imikangara cumi n’abiri, n’impfizi z’ intama zibiri, n’abana b’intama cumi na bane b’amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga;


Bukeye ku musi ugira gatatu muze mutange amamasa cumi n’ imwe, n’impfizi z’intama zibiri, n’abana b’intama cumi na bane b’ amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga;


Ayo majambo yayavugiye mw iyakīriro ry’amashikanwa, arikw arigisha mu rusengero; kandi nta n’umwe yamufashe, kukw igihe ciwe kitaribgashike.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite