Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Haba ivyongoshwe vyinshi mw ishengero bamuvuga: bamwe bati N’umuntu mwiza, abandi bat’ Oya, arazimiza abantu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Muri iryo sinzi ry’abantu bari aho, hari urusaku rwinshi bavugana ku vya Yesu. Bamwe bavuga bati: “Ni umuntu mwiza.” Abandi bakavuga bati: “Oya, ni umuntu azimiza abantu.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:12
20 Referans Kwoze  

Bamwe mu Bafarisayo baravuga, bat’ Uwo muntu ntava ku Mana, kukw ataziririza isabato. Abandi bati Mbeg’ umuntu w’umunyavyaha yoshobora ate gukora ibimenyetso bingana birtyo? Baramupfa.


Abafarisayo barababaza, bati Mbega namwe mwajimijwe?


Abafarisayo bumvise kw ishengero rimuvugana ivyo mu twongoshwe, abaherezi bakuru n’Abafarisayo batuma abagendanyi kumufata.


Mukore vyose ata kwidodomba, ata guhārīra,


Kw ar’ ibigoye k’umuntu apfira umugororotsi, umunyangeso nziza kumbure umuntu yotinyuka kumupfira:


Kuko yar’ imico myiza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera. Abantu benshi bagwirirana ku Mwami Yesu.


Baramwishura, bati Mbega nawe ur’ uw’ i Galilaya? Sesa urābe yuko har’ ūvugishwa n’Imana yova i Galilaya. [


Bano bantu babonye ikimenyetso akoze, baravuga, bati N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana yar’ akwiye kuza mw isi.


Maze hār’ umuntu yitwa Yosefu, yar’ umunyekombe, kandi yar’ umunyangeso nziza agororotse.


Umugabisha w’abasoda ijana abonye ibibaye, ahimbaza Imana, ati N’ukuri uyu muntu yar’ umugororotsi.


Yesu aramubaza, at’ Unyitira iki mwiza? Nta mwiza atar’ umwe, ni we Mana.


Bose baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana, bat’ Ūvugishwa n’Imana ahambaye aserutse muri twebge; kandi bat’ Imana igendeye abantu bayo.


Umunyangeso nziza akūra ivyiza mw itunga ryiza ryo mu mutima wiwe, n’umunyangeso mbi akūra ibibi mw itunga ribi: ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kiwe kavuga.


baramubgira, bati Mugenzi, twibutse yuko wa muhumvyi akiriho yagize ngw imisi itatu ishize azozuka.


Barondeye ingene bomufata, batinya abantu, kuko bamwiyumvira kw ar’ ūvugishwa n’Imana.


Umwigishwa biramubereye kumera nk’umwigisha wiwe, n’umushumba nka shebuja. Nyen’ urugo ko bamwise Beyezebuli, non’ abo mu rugo rwiwe ntibazorushiriza kubīta bartyo?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite