Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Bene nyina bamaze kudūga i Yerusalemu kumara iyo misi mikuru, na we aradūga, ntiyibonekeza, arikw agenda nk’uwomba.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Ariko bene nyina bamaze kugenda ku musi mukuru, Yesu na we aragenda ariko ntiyajayo ku mugaragaro, agenda yinyegeje.

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:10
13 Referans Kwoze  

Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.


Ni co gituma umunyamakenga apfa kwinumira mu gihe nk’ico, kukw ar’ igihe kibi.


Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe,


Maze Yesu ntiyaba akigenda yibonekeza mu Bayuda, arikw avayo, aja mu gihugu kiri hafi y’ubugaragwa mu gisagara citwa Efurayimu, agumanayo n’abigishwa.


Kuko na bene nyina na bo batāmwizera.


Nuko bene nyina baramubgira, bati N’uve ino, uje i Yudaya, abigishwa bawe na bo barābe ibikorwa ukora;


Yesu aramwishura, ati Bikunde: kukw ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose. Bun’ aramukundira;


Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje; Mber’ ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje.


Uhoraho, nkunda ah’ inzu yawe igerereye, Ahantu ubgiza bgawe buba.


Akivugana n’ishengero, nyina na bene nyina bāri bahagaze hanze, bagomba kubonana na we.


Ab’i wabo bavyumvise barasohoka ngo baje kumufata, kuko bāgira ngo Yasaze.


Ababgiye ivyo, aguma i Galilaya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite