Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hanyuma y’ivyo Yesu agendagenda i Galilaya: ntiyashaka kugendagenda i Yudaya, kukw Abayuda bārondera ingene bomwica.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu ntara ya Galilaya. Ntiyashaka kugenda mu ntara ya Yudaya kuko abakuru b’Abayuda baho bariko barondera ingene bomwica.

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:1
19 Referans Kwoze  

ava i Yudaya, asubira i Galilaya.


Abo barimyi babonye wa mwana wiwe, baravugana, bat’ Urya ni we samuragwa: ni muze tumwice, tuze twegukire umwandu wiwe.


Mbega Mose si we yabahaye ivyagezwe? Ariko muri mwebge nta n’umwe yitondera ivyo vyagezwe. Muronderera iki kunyica?


Ni babahama mu gisagara kimwe, muhungire mu kindi: kuko mbabgira ukuri yuko mutazohetura ibisagara vyose vy’i Bgisirayeli, Umwana w’umuntu ataraza.


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


Ico ni co kimenyetso ca kabiri Yesu yakoze, avuye i Yudaya ashitse i Galilaya.


Uku ni kwo gushinga intahe kwa Yohana, ah’ Abayuda bāmutumakw abaherezi n’Abalewi bavuye i Yerusalemu, ngo bamubaze, bat’ Uri nde?


Ariko none murondera ingene mwonyica, umuntu yababariye ivy’ ukuri, ivyo numvise ku Mana; Aburahamu ntiyagize artyo.


Ndazi ko mur’ uruvyaro rwa Aburahamu, yamara murondera ingene mwonyica, kukw ijambo ryanje ritagira ikibanza muri mwebge.


Bamwe mu b’i Yerusalemu baravuga, bati Mbeg’ uwo si we bashaka kwica?


Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bavyumvise barondera ingene bomwica, kuko bāmutinya, kukw abantu bose batangazwa n’inyigisho ziwe.


Hanyuma y’ivyo Yesu avayo, yīgira hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya citwa Tiberiya.


Maz’ Abayuda bamurondera mur’ iyo misi mikuru, bati Mbega wa wundi ari hehe?


Ariko nta n’umwe yamuvuze atobora, kuko batinya Abayuda.


Maz’ Abayuda baravugana, bati Mbeg’ uyo agira aje hehe, aho twebge tutazoshobora kumubona? Agira aje mu bāsābagiriye mu Bagiriki, ngw aze yigishe Abagiriki?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite