Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:71 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

71 Yavuga Yuda Isikaryota, mwene Simoni, kukw ari we yagira az’ amugure, yar’ uwo muri bamwe cumi na babiri.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

71 (Aho yariko avuga Yuda, mwene Simoni Isikariyote. Kuko naho yari umwe muri bamwe cumi na babiri, ni we yari agiye kumugurisha.)

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:71
19 Referans Kwoze  

Kuko hariho bamwe bābājemwo binyegeteza, bandikiwe kera gucirwakw iryo teka, batubaha Imana, bahindura ubuntu bg’Imana yacu isoni nke, bakīhakana Yesu Kristo, ni we wenyene Databuja n’Umwami wacu.


uwo muntu amaze gutangwa nk’ukw Imana yabigabiye yikomvomvoye, ibimenye bitaribgabe, mumubambisha amaboko y’abagarariji, muramwica.


Yesu aramwishura, at’ Uwo nkorezamw’ intore, nkayimuha, azoba ari we. Akojejemw’ intore, arayikūramwo, ayihereza Yuda, mwene Simoni Isikaryota.


Mber’ umukunzi wanje pfampfe, uwo nizigira, nagaburira, Na we ambanguriye umugere.


Amazina y’izo ntumwa cumi na zibiri n’aya: Uwa mbere ni Simoni, yitwa Petero, na mwene nyina Andereya, na Yakobo mwene Zebedayo na mwene nyina Yohana,


na Simoni Umunyakananayo, na Yuda Isikaryota, umwe yamugura.


Kandi Yuda Isikaryota, yar’ umwe muri bamwe cumi na babiri, aja ku baherezi bakuru, ngw az’ amubaronkere.


Yesu na we atorerwa ubukwe, bo n’abigishwa biwe.


Ariko muri mwebge hariho bamwe batizera. Kuko Yesu yahereye ubga mbere azi abatizera ab’ ari bo, n’ūzomugura uw’ ari we.


Yesu aramwishura, ati Mbega si jewe nabatoranije uko mur’ icumi na babiri? Arik’ umwe muri mwebge n’umurwanizi.


Ariko Yuda Isikaryota, umwe mu bigishwa biwe, uwagira az’ amugure, aravuga,


Bakiriko bararya ku mugoroba, wa Murwanizi amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikaryota, mwene Simoni,


Ariko Toma ari we Hasa, umwe wo muri bamwe cumi na babiri, ntiyari kumwe na bo aho Yesu yaza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite