Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Icatumye avuga artyo kwār’ ukumugeza, kuk’ ubgiwe yar’ azi ico agira akore.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Yabajije ico kibazo nk’uwumugeza, kuko we yari azi ico agiye gukora.

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:6
8 Referans Kwoze  

Hanyuma y’ivyo, Imana igeza Aburahamu; iramuhamagara, iti Aburahamu! Aritaba, ati Sabge.


Ariko ku vy’intumwa abaganwa b’i Babuloni bamutumyeko, ngo bamubaze igitangaza cabayeho mu gihugu ciwe, Imana iramureka ngw imugerageze, kugira ngw imenye ivyari mu mutima wiwe vyose.


ntimuze mwemere amagambo y’uwo muvugishwa canke y’uwo murōsi, kuk’ Uhoraho Imana yanyu azoba abagerageza, ngw amenye yuko mumukundisha imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose.


ikabagaburira manu mur’ ubgo bugaragwa, iyo ba sogokuruza banyu batigeze kumenya; kugira ngw abacishe bugufi, abagerageze, maz’ amaherezo az’ abagirire neza.


Aba Lewi abavugako, Ati Tumimu zawe na Urimu zawe zifiswe n’umukunzi wawe, Uwo wageragereje i Masa, Ugahārīrira na we ku mazi y’i Meriba.


Kandi muze mwibuke urugendo rwose rwo mu bugaragwa Uhoraho Imana yanyu yabarōngōyemw’ iyi myaka ukw ari mirongwine; kugira ngw abacishe bugufi, abagerageze, amenye ibiri mu mitima yanyu, yuko muzokwitondera ivyagezwe vyiwe canke ko mutazovyitondera.


Ba ari mwebge mwisuzuma, mumenye yuko muhagaze mu kwizera; ba ari mwebge mwirāba. Mbega ntimwiyizi, ntimuzi yuko Yesu Kristo ari muri mwebge? — shiti kumbure mur’ abāhinyuwe!


ngo Ndazi i bikorwa vyawe n’ubutame bgawe n’ukwihangana, kandi yuk’ udashobora kwirengagiza ababi, ariko wagenzuye abiyita intumwa kand’ atari zo, usanga n’abanyabinyoma.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite