Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:44 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye; nanje nzomuzura ku musi w’iherezo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

44 Nta muntu n’umwe ashobora kuza aho ndi Data yantumye atamuzanye, kandi nzomuzura ku musi wa nyuma.

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:44
22 Referans Kwoze  

Kand’ aravuga, ati Ni co catumye mbabgira kw ata wushobora kuza kuri jewe atabihawe na Data.


Nanje ni namanikwa hejuru y’isi, nzokwikwegerako bose.


Yesu aramwishura, at’ Ur’ umuhirwe, Simoni mwene Yona, kukw ata w’inyama n’amaraso yabiguhishuriye, ariko ni Data wo mw ijuru.


Mu majambo y’abavugishwa n’Imana handitswe, ngo Bose bazoba abigishijwe n’Imana. Uwumvise ivya Data wese akavyiga, aza kuri jewe.


Uhoraho yanyiyeretse kera, ati N’ukuri naragukunze urukundo rudashira; ni co gituma nkwiyegerezanya imbabazi.


Mwoshobora kwizera mute, ari mwebge mwubahana, arikw icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera?


Nabakwegesheje imigozi y’umuntu, imigozi y’ibitsibo vy’urukundo; kandi nabamereye nk’ababakūra ingōgo mu mibangabanga yabo, nterekeranya ivyo kurya imbere yabo.


kuko mwahambanywe na we mw ibatizwa, ni ho kandi mwazuranywe na we, kubgo kwizera ubushobozi bg’Imana yamuzuye mu bapfuye.


Kukw ico mwagabiwe kubga Kristo, atar’ ukumwizera gusa, ariko mwagabiwe no kubabazwa kubgiwe;


Mfata nkuje inyuma, twiruke. Umwami yanshikanye i kare: Tuzonezerwa, nawe uzoduhimbara. Tuzokwamamaza urukundo rwawe kurusha uko twokwamamaza vino: Urukundo bagukunda rurakubereye.


N’iki gituma mutamenya imvugo yanje? N’uko mudashobora kwumva ijambo ryanje.


Mbeg’ Umunyetiyopiya yoshobora guhindura urukoba rw’umubiri wiwe, cank’ ingwe yokwihindura amabara yayo? Ivyo bishobotse, namwe mwoshobora gukora ivyiza, mwebge abāmogoreye gukora ibibi.


Mwa bana b’inzoka mwe, mwoshobora mute kuvuga ivyiza muri babi? Ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kavuga.


Yesu arabishura, ati Nta co mugira imyidodombo muri mwebge.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite