Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Bun’ Abayuda baramwidodombera, kuko yavuze, ati Ni jewe mutsima wamanutse uva mw ijuru.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Maze Abayuda batangura kumwidogera kuko avuze ati: “Ni jewe mukate wamanutse uva mw’ijuru.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:41
14 Referans Kwoze  

Ni jewe mutsima w’ubugingo.


Kuk’ umutsima w’Imana ar’ ūmanuka uva mw ijuru, ugaha abari mw isi ubugingo.


Haba ivyongoshwe vyinshi mw ishengero bamuvuga: bamwe bati N’umuntu mwiza, abandi bat’ Oya, arazimiza abantu.


Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe bamuva inyuma, ntibāba bakijana na we.


Nuko benshi mu bigishwa biwe bavyumvise, baravuga, bat’ Iryo jambo riragoye: har’ uworyumva akarishobora?


Abo n’abidodomba n’abanyamwikomo bagenda bakurikira ukwifuza kwabo, akanwa kabo kavuga amagambo atumbaganyemw’ ukwirarira, bubahira abantu kubakūramw’ amaronko.


Uwo ni wo mutsima wamanutse uvuye mw ijuru, si nk’uwo ba sogokuruza banyu bāriye, ariko bagapfa; ūrya uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira.


Yesu arabishura, ati Nta co mugira imyidodombo muri mwebge.


Babibonye, bose baridodomba, bati Ko yinjiye kurārira umuntu w’umunyavyaha!


Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe barīdodomba, bat’ Uyo yiyegereza abanyavyaha, agasangira na bo.


Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe bafatanye na bo bidodombera abigishwa ba Yesu, bati N’iki gitumye musangira n’abatozakori n’abanyavyaha?


Kandi ntimukidodombe, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bidodomvye, bakamarwa n’umuranduzi.


Uku ni kwo gushinga intahe kwa Yohana, ah’ Abayuda bāmutumakw abaherezi n’Abalewi bavuye i Yerusalemu, ngo bamubaze, bat’ Uri nde?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite