Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ntimundondera kuko mwabonye ibimenyetso, ariko n’uko mwariye kuri ya mitsima, mugahāga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, ntimuriko mundondera kubera mwatahuye ibitangaza mwabonye nkora, ahubwo mundondera kuko nabagaburiye imikate mugahaga.

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:26
20 Referans Kwoze  

iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye.


Kuko bose barondera ivyabo, batarondera ivya Yesu Kristo.


Maze baza kuri wewe nk’ ukw abantu basanzwe baza, bakicara imbere yawe nk’ah’ ar’ abantu banje, bakumviriza amajambo yawe, ariko ntibayakore: kuko berekanisha akanwa kabo urukundo rwinshi, yamar’ imitima yabo ikurikira ukwiyungukira kwabo.


n’ibihāri bidashira vy’abantu bononekaye ubgenge, bakūwekw ivy’ ukuri, bibgira yuko kwubaha Imana ar’ ukwironkera inyungu.


Kukw abameze bartyo Umwami wacu Kristo atari we bajakariye, ariko n’inda zabo, kandi bōhesha imitima y’aberanda amajambo meza n’ivyo kubanezereza.


Ishengero ryinshi riramukurikira kuko ribonye ibimenyetso akora ku barwaye.


Kukw imitima yabo itāshikamye ngo babane na yo, Kandi batār’ abizigirwa mw isezerano ryayo.


Nukw iryo shengero ribonye ko Yesu atari ho ari, n’abigishwa biwe na bo ar’ uko, rija mur’ ano mato na ryo, rijabuka i Kaperinawumu rirondera Yesu.


Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe n’amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bgami bg’Imana.


Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana.


Ariko muri mwebge hariho bamwe batizera. Kuko Yesu yahereye ubga mbere azi abatizera ab’ ari bo, n’ūzomugura uw’ ari we.


Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni mutarya umubiri w’Umwana w’umuntu, ngo munywe amaraso yiwe, nta bugingo mwogira muri mwebge.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwizera afise ubugingo budashira.


Nuko baramubaza, bati Non’ ukora ikimenyetso ki, ngo tukirābe tukwizere? Ukora ikimeze gite?


Yesu amenye ko bagira baze kumufata ngo bamwimike, asubira ku musozi ari wenyene gusa.


Bano bantu babonye ikimenyetso akoze, baravuga, bati N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana yar’ akwiye kuza mw isi.


Ariko narababgiye yuko mwāmbonye, muraheza ntimwizera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite