Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Bano bantu babonye ikimenyetso akoze, baravuga, bati N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana yar’ akwiye kuza mw isi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Abantu babonye igitangaza Yesu akoze baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu ni wa muvugishwa twari twiteze kw’isi.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:14
18 Referans Kwoze  

Abo mw ishengero barabishura, bat’ Uyo n’ūvugishwa n’Imana, Yesu w’i Nazareti i Galilaya.


Uwo Mose ni we yabgiye Abisirayeli, at’ Imana izobahagurukiriza ūvugishwa na yo mu b’i wanyu, ameze nkanje.


ati Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?


Bamwe mw ishengero bumvise ayo majambo, bati N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana.


Baramubaza, bati None se bimeze bite? Uri Eliya? Ati Sindi we. Bat’ Uri wa muntu avugishwa n’Imana? At’ Oya.


Uno mugore aramubgira, ati Mugenzi, ndabona k’ur’ umuntu avugishwa n’Imana.


Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


maze babgira uwo mugore, bat’ Ubu ho ntitwizeye kubg’ amajambo yawe gusa, kuko natwe twīyumviye kandi tumenye k’uyu ar’ Umukiza w’isi vy’ukuri.


Nya mugore aramubgira, ati Ndazi ko Mesiya azoza yitwa Kristo; uwo ah’ azozira ni we azoduserurira vyose.


Arababaza, ati N’ibiki? Baramwishura, bati N’ivya Yesu Umunyanazareti, yar’ umuntu avugishwa n’Imana, akaba umunyabushobozi bginshi mu vyo yakora no mu vyo yavuga, imbere y’Imana n’imbere y’abantu bose:


Bose baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana, bat’ Ūvugishwa n’Imana ahambaye aserutse muri twebge; kandi bat’ Imana igendeye abantu bayo.


Iryo ni ryo tanguriro ry’ibimenyetso Yesu yakoze ar’i Kana i Galilaya, yerekana ubgiza bgiwe; kand’ abigishwa biwe baramwizera.


Ishengero ryinshi riramukurikira kuko ribonye ibimenyetso akora ku barwaye.


Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ntimundondera kuko mwabonye ibimenyetso, ariko n’uko mwariye kuri ya mitsima, mugahāga.


Nuko baramubaza, bati Non’ ukora ikimenyetso ki, ngo tukirābe tukwizere? Ukora ikimeze gite?


Na we at’ Ego me Mugenzi, nizeye k’uri Kristo, Umwana w’Imana, umwe wo kuza mw isi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite