Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Maze Yesu yābīra ya mitsima, arayihezagira, ayigaburira abicaye, n’ifi na zo nk’uko bagomba.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Yesu afata ya mikate, ayishimira Imana, ayiha abari bicaye aho. Na za fi azigenza uko. Abantu bararya barikura.

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:11
13 Referans Kwoze  

(mugabo hār’ amato ajabuka ava i Tiberiya, afata hafi ya ha hantu bārīriye imitsima ihezagiwe n’Umwami Yesu).


mwame mukenguruka muri vyose, kukw ico ari co Imana ibagombako muri Kristo Yesu.


Uwiyumvira umusi awiyumvira kubg’ Umwami wacu; ūrya inyama azirya kubg’ Umwami, kukw ashima Imana; kand’ ūtazirya, yanka kuzirya kubg’ Umwami, na we ashima Imana.


Yābīra ya mitsima ndwi na za fi, arabishimira, arabimanyagura, abihereza abigishwa biwe, babigaburira ishengero.


Yicaye ngw asangire na bo, yābīra umutsima, arawuhezagira, arawumanyagura, arawubaha.


Nukw iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana.


Amaze kuvuga ivyo, yābīra umutsima, ashimira Imana imbere yabo bose, arawumanyagura, atangura kurya.


Ni mwashika mu gisagara muca mumubona ataradūga ku mpinga y’umusozi kurīrayo; kukw abantu badashobora kurya ataraza, kukw ari we ahezagira ibimazi, maz’ abātowe bakabona kurya. Nuko rero ni mudūge: muca mumubona aka kanya.


ati Hano har’ umuhungu ari n’udutsima dutanu twa sayiri, n’udufi tubiri, ariko tumaze iki mu bantu bangaho?


Bafashe i musozi, babonah’ umuriro w’amakara n’ifi zigeretseko, n’umutsima.


Yesu arababgira, ati Ni muzane ifi ku zo muhejeje kuroba.


Yesu araza, yābīra umutsima, arawubaha, n’ifi n’uko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite