Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hanyuma y’ivyo Yesu avayo, yīgira hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya citwa Tiberiya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Hanyuma y’ivyo, Yesu arajabuka aja ku ruhande rwo hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya (ari co kiyaga c’i Tiberiya).

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:1
12 Referans Kwoze  

(mugabo hār’ amato ajabuka ava i Tiberiya, afata hafi ya ha hantu bārīriye imitsima ihezagiwe n’Umwami Yesu).


Nukw ishengero ririko riramubanda ryumva ijambo ry’Imana, yar’ ahagaze ku musenyi w’ikiyaga c’i Genesareti.


Aciye i ruhande y’ikiyaga c’i Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni yitwa Petero, na Andereya mwene nyina, bariko baraterera urusenga mu kiyaga, kuko bār’ abarovyi.


Hanyuma y’ivyo Yesu yiyereka abigishwa ukundi gusha, ari ku kiyaga c’i Tiberiya, kand’ uburyo yiyerekanye n’ubu:


ruvudutse i Shefamu, rumanuke, rushike i Ribula, hirya ya Ayini ahahera i burasirazuba; ruheze rumanuke rujane inkōkoro y’ikiyaga Kinereti ihera i burasirazuba;


Yesu arahava, aja ku kiyaga c’i Galilaya, adūga umusozi, yicaraho.


bo n’ikiyaya Araba, ugashitsa ku kiyaga Kinereti ku ruhande rw’i burasirazuba, no ku kiyaga co mur’ ico kiyaya Araba nyene, ari co Kiyaga c’Umunyu, ku ruhande rw’i burasirazuba uko rugiye rurābana n’i Beti‐yeshimoti, ugaca i bumanuko, musi y’agahanamo ka Pisiga.


Hanyuma y’ivyo Yesu agendagenda i Galilaya: ntiyashaka kugendagenda i Yudaya, kukw Abayuda bārondera ingene bomwica.


Nuko baramubaza, bati Mbega non’ amaso yawe yahumūtse ate?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite