Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 5:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Buno nyene uwo muntu arakira, yikorera ikirago ciwe, aragenda. Arik’ uwo musi hari kw isabato.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ubwo nyene wa muntu arakira, aterura ikirago ciwe atangura kugendagenda. Ivyo vyabaye ku musi w’Isabato.

Gade chapit la Kopi




Yohana 5:9
15 Referans Kwoze  

Kand’ uwo musi war’ isabato, Yesu yavurunzek’ utwondo, agahumūra amaso yiwe.


Yesu arayibgira, ati Genda, ukwizera kwawe kuragukijije. Aca arahumūka, amukurikira ku nzira.


Uwo mwanya isōko y’amaraso irakama, amenya mu mubiri wiwe yukw akize ico cago.


Imibembe ica imuvako, arakira.


Araza, amufata ukuboko, aramuvyutsa, umururumbo urazima, arabazimana.


None se, k’umuntu akebga kw isabato, kugira ngw icagezwe ca Mose ntimukirenge, none jewe mumpōra iki ko kw isabato nakijije umuntu yiramvuriye?


Hanyuma y’ivyo Yesu amubona mu rusengero, aramubgira, ati Rāba wakize; ntugasubire gukora icaha, kugira ngo ntuz’ ubone ibiruta ivya mbere.


Ico gihe ūcumbagira azosimba nk’ impongo, ururimi rw’ikiragi ruririmbe: kukw amazi azodudubiriza ahagadutse, imigezi itembere mu bugaragwa.


uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni mwirinde, ntimukagire ico mwiremēka na kimwe ku musi w’isabato, canke ngo mugicishe mu birimba vy’i Yerusalemu;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite